ARK NETWORK reference.ch · populus.ch    

  palipe agakiza k'abarundi-2015







Ibihe

Ibihe Vyranze Umugambwe  
 
-18/04/1980 Ishingwa ry'umugambwe Palipehutu 
 
-1983 Ishingwa rya Fnl, igisoda ca Palipehutu 
 
-1984 Ishirwaho rya Jph Urwaruka rwa Palipehutu 
 
-17/08/1990 Igendagurwa rya Gahutu Remi 
Kimwe mu vyo yazize n'insiguro yashikirije  
amakungu muri Munyonyo 1988 mu rugendo yarimwo 
mu buhugu vy'i Burayi 
 
-31/12/1992 Igihe Misigaro Donasiyano yari arongoye Fnl yari yatawe mu mvuto, muri Fnl,habonetsemwo ingabo ziyoboka Kabura Kosani ziyonkora kuri Palipehutu munyuma yahavuye asimburwa na Rwasa Agathon 
1993 Uburundi bwinjiye mu matora biciye mu migambwe myinshi.Ubutegetsi ntibwemereye Palipehutu kwitoza. 
Indongozi zawo zishima kurarikira Abanywanyi gutora Ndadaye Melikiyori,gurtyo Frodebu iba ibonye intsinzi. 
Inyuma y'igandagurwa rya nyen'icubahiro Ndadaye Melikiyoro,Abategetsi ba Palipehutu Bahamagaye Generali Misigaro Donasiyano bamushinga Kurongora FDD Intagoheka bari bamaze gushinga 
 
-1998 imboneza z'Umugambwe Palipehutu zirongowe na Doguteri Karatasi Stefano zafashe iya mbere,zitaba ibiganiro vyo kugarukana aahoro mu Burundi vyabereye i Arusha. 
 
-28/08/2000 Kw'izina ry'umugambwe Palipehutu, Doguteri Karatasi Stefano yarateye igikumu ku masezerano y'amahoro y'i Arusha. 
 
-2001 Palipehutu warinjiye mu nzego z'igihugu 
 
-28/02/2004 Ikoraniro kaminuza rya Palipehutu ryafashe ingingo y'uko Palipehutu witwa PALIPE-AGAKIZA K'ABARUNDI kugirango hubahirizwe amasezerano y'amahoro y'i Arusha. 
 
-17/01/2005 Palipe-agakiza wemerewe gukorera ku mugaragaro nk'iyindi migambwe yemerewe n'amategeko mu Burundi 
 
-12/08/2007 NGENDANGANYA KAZIMIRI niwe yatowe ngo asubirire Doguteri KARATASI STEFANO ku mwanya w'umukuru w'Umugambwe PALIPE AGAKIZA K'ABARUNDI, abaye uwa gatatu kuva mu 1980 
 
 
 

   
 Home  | Livre d'Or  | Album-Photo  | Contact
   
 
(c) Parti palipeagakiza - Créé à l'aide de Populus.
Modifié en dernier lieu le 17.04.2015
- Déjà 3499 visites sur ce site!