ARK NETWORK reference.ch · populus.ch    

  palipe agakiza k'abarundi-2015







Imigambi

Umugambi wa mbere 
 
Twisunze intumbero nyamukuru y'umugambwe Palipehutu yo kwinjira muri Démokarasi ishobora kudushikana kw'iterambere rirama ry'umunyagihugu mu Burundi.Umugambi rero nyamukuru nuwo. 
Kubagarira 
Kuvomera 
Gushimangira 
Gutsimbataza 
Demokarasi mu kwubahiriza amategeko 
Kurwanya igiturire 
Gutandukanya inzego (séparation des pouvoirs) 
Kwubahiriza ikiremwamuntu no kudafungira abantu ubusa.Muri uwo mugambi wo gutwara neza, abakenyezi bazoronka ibice birenga 40% mu nzego zifata ingingo 
 
Umugambi wa Kabiri 
 
N'uwo kurwanya inzara 
Aharaye inzara hazinduka inzigo.Umuntu ashonje ntakora politike nico gituma Palipe Agakiza ifise umugambi wo: 
 
-Kworoherea umurimyi mukuronka ifumbire n'imbuto, 
-Guhimiriza abantu kworora no kurima mu myonga 
-Kubuza kwubaka ahantu hose hamera 
-Gushigikira ibanki itanga ingurane ku barimyi 
-Kwigisha ubuhinga bwo kubika amazi y'imvura no kuyakoresha igihe c'izuba. 
 
Umugambi wa Gatatu 
 
N'uwo kugarukira amagara y'abanyagihugu mu kugwiza abaganga n'abaforoma bakunda kandi bazi umwuga wabo. 
-Kwegereza umunyagihugu ivuriro ntarenze ibirometero bitanu 
-Kworohereza umunyagihugu mu kuronka ikarata yo kwivurizako (CAM) ku mafranga makeya. 
-Kwijukira isuku ryo soko y'amagara meza 
 
Umugambi wa kane 
 
N'uwo kugarura 
akanovera mu ndero mu Burundi mu kurwiza abigisha baboshoboye bakunda umwuga wabo.Kworohereza ishingwa rya za kaminuza z'abigenga. Gutanga borse ku gihe mu kurwanya za yegereyegere zituma hatakara umwanya w'ivyirwa. 
 
Umugambi wa Gatanu 
 
N'uwo kurwiza akazi mu 
-kworohereza abashaka gushinga aahinguriro 
-kwugurura inganda zugawe no kugaruza amahinguriro ya Leta yagurishijwe bidaciye mu mategeko 
-Kworohereza urwaruka rufise ugushaka n'ubushobozi bwo gukora akazi 
 
Umugambi wa gatandatu 
 
N'uwo kurwiza umuyagakumba no kwimba ubutare twisunze gukingira ibidukikije 
 
Umugambi w'indwi 
 
N'uwo kurwanya ubwigunge mu gukomeza amashirahamwe yo mu karere no kwigisha Abarundi indimi zivugwa mu bihugu vyo mu karere 
 
Umugambi w'umunani 
 
N'uwo gutahukana ikiziga ca Gahutu remi Prezida wa Palipehutu afubwe nk'uko bibereye na General Misigaro Donasiyano yarongoye Fnl yongera arongora Fdd Intagoheka,Gushiraho umunsi wo kwibuka Abarundi bahitanywe n'amagume. 

   
 Home  | Livre d'Or  | Album-Photo  | Contact
   
 
(c) Parti palipeagakiza - Créé à l'aide de Populus.
Modifié en dernier lieu le 17.04.2015
- Déjà 3501 visites sur ce site!