ARK NETWORK reference.ch · populus.ch    

  palipe agakiza k'abarundi-2015







Amavu n'amavuka

Palipe-Agakiza ni wa mugambwe PALIPEHUTU wahindura izina kugirango wubahirize Amasezerano y'i Arusha yo ku wa 28 Myandagaro 2000 
 
Ishingwa rya Palipehutu 
 
umugambwe Palipehutu washinzwe Kubera ihonyahutu n'ihonyabwenge (Génocide,Ethocide) vyakorewe Abahutu mu mwaka w'1972 n'ayandi mabi yari ahasanzwe nk'ikumirwa ry'Abahutu mu buzima bwose bw'igihugu:mu gisirikare,mu mashure,mu buzi no mu ntwaro vyegamiye Leta canke Abigenga. Hariho n'ukubahirizwa mu buzima bwa misi yose:gufungwa,kunyarwa amatungo,amatongo n'agahembo wakobokeye ukakazira. 
Nyen'icubahiro Gahutu Remi n'izindi mboneza barahagurutse bashinga Umugambwe PALIPEHUTU wakanguye Abahutu,Abatutsi,abatwa n'Amakungu,ufise intumbero y'intwaro ya "demokarasi-nkezabuntu" irwanya amabi yose, mu gutunganiriza Umurundi n'uwuba mu Burundi yanizwe akabura n'uruvugiro 
Umugambwe PALIPEHUTU wabonye izuba kuwa 18 Ndamukiza 1980 ugendera inkingi zitanu arizo z'izi: 
 
1. Ukwiyemera 
2.Ubumwe 
3. Umuhuza 
4. Indongonzi 
5.Umuheto ariwo Fnl  

   
 Home  | Livre d'Or  | Album-Photo  | Contact
   
 
(c) Parti palipeagakiza - Créé à l'aide de Populus.
Modifié en dernier lieu le 17.04.2015
- Déjà 3499 visites sur ce site!